Chuck Blazer, yahoze ari umutegetsi akomeye wa FIFA yapfuye afise imyaka 72

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Umunyamerika yahoze ari umuntu akomeye mw'ishirahamwe FIFA, Chuck Blazer yapfuye afise imyaka 72 nk'uko bivugwa n'abamuburanira.
Blazer yabujijwe kuja mu bintu vyose biraba umupira w'amaguru ubuzima bwiwe bwose mu 2015, yari agwaye Cancer.
Mu 2013, yaremeye icaha co kwakira ibiturire, kunyegeza amahera afise no kutariha ikori, kandi yemera gufasa mu matohoza yo kwerekana ivyerekeye igiturire mw'ishirahamwe Fifa.
Umwanya munini mu buzima bwiwe yawumaze arongoye yawumaze arongoye CONCACAF n'urwego rurongoye umupira w'amaguru muri Amerika.

Ahavuye isanamu, TORSTEN SILZ/AFP/Getty Images
Inkuru yatanze zatumye hitwarirwa abantu 14 harimwo abakiri mw'ishirahamwe FIFA canke abaryirukanywemwo, akaba yaragize uruhara mw'iyirukanwa rya Sepp Blatter, yari arongoye iryo shirahamwe.
"Turababajwe cane n'urupfu rw'uwo tuburanira akaba n'umugenzi, Chuck Blazer," ni ko itangazo ryatanzwe n'abamuburanira ryavuze.
"Inyifato yiwe mbi, yemeye ku mugaragaro, ntikwiye gutuma hatibukwa uruhara nta ngere yagize mu mupira w'amaguru kw'isi."
Uwo mutegetsi yagiye mu rwego rukuru rwa FIFA hagati ya 1997-2013, aho muri ico kiringo cose yakiriye imiliyoni n'imiliyoni z'amahera yabamwo nk'umuntu akomeye cane.

Mu 2013, urwego rujejwe disipline muri CONCACAF rwavuze ko yakiriye imiliyoni zirenga 20.6 z'amadolari nk'igiturire avuye mu bikoresho canke atanzwe n'amashirahamwe hagati ya 1996 na 2011.
Muvyo yayakoresha vy'ubwirasi, harimwo igorofa zibiri afise mu nyubakwa ya Trump Tower i New York, aho imwe irimwo inyabu ziwe.










