Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Colombia: Prezida Santos yatanze ikigongwe ku bayoboke ba FARC
Prezida wa Colombia Juan Manuel Santos yashize umukono kw'itegeko riha ikigongwe uwundi mugwi w'abagwanyi 3.600 ba FARC, washize umukono ku masezerano y'amahoro na reta mu mwaka uheze.
N'itegeko ritanga ikigongwe rya gatatu ari na ryo rya nyuma rishizweko umukono na prezida Santos.
Abahoze ari abagwanyi barenga 7.000 bose hamwe baronse ikigongwe abandi bava mu mvuto mu ntumbero yo kubasubiza mu buzima busanzwe.
Mu kwezi guheze, umuhari wa FARC wararangije igikorwa co kwakwa ibigwanisho.
Abo bagwanyi bashubije ibigwanisho bandikishije bigera ku 7.000 akana ka Onu ko muri Colombia.
Kare cane ku musi wa mbere, Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi kemeje irungikwa ry'umugwi mushasha wa Onu muri ico gihugu, uzotangura gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano y'amahoro kuva mu kwezi kw'icenda.
Ayo masezerano aje kurangiza imyaka irenga 50 y'intambara.