Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rooney agiye muri Tanzaniya mu rukino rwa Everton
Wayne Rooney agarutse mu mugwi yahoramwo wa Everton, agiye gukina urukino rwa mbere mu gihugu ca Tanzaniya, uwo mugwi wa Premier League uhura na Gor Mahia ya Kenya ku munsi wa kane.
Rooney yasubiye muri uwo mugwi yatanguye gukinamwo afise imyaka 16, igihe atanguriye kuvugwa mu makuru, ubu akaba yaramaze imyaka 13 akinira umugwi Manchester United.
Rooney yavuze ko anezerejwe n'urwo rugendo rwiwe rwa mbere mu gihugu ca Tanzaniya.
Yavugiye ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Everton, ko yizeye "gukina kuri ico kibuga, akakigirirako umwanya mwiza".
Avuga ko kazoba ari akaryo ko kumenyana n'abo bakinana mu mugwi.
"Biraryoshe gusangira ihoteli n'abo mukinana, mukamarana umwanya, mukamenyana kurusha."
Runo rugendo ruvuye mu masezerano Everton yagiranye n'ishirahamwe rya Kenya ryo gutsiba mu vy'inkino, Sportpesa.
Gor Mahia igiye gukina na Everton mu kuba ariyo yabaye iya mbere mw'ihiganwa ryatunganijwe na Sportpesa, ryari ryatumiwemwo n'imigwi yo mu gihugu ca Tanzaniya.