Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Uhuru Kenyatta yagabishije sentare
Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yagabisha sentare muri ico gihugu ko tofasha abatavuga rumwe na reta mu matora yimirije
Amatora y'umukuru w'igihugu azoba mu kwezi kuza aho bitegekanijwe ko Uhuru Kenyatta gusubira kwitoza.
Ku musi wa gatanu, ku birego abatavuga rumwe na reta bari bashikirije sentare, sentare nkuru yashinze ko akanama kajejwe gutegura amatora ko atari ko kotegura impapuro z'amatora.
Kenyatta yavuze ashimitse ko ayo matora azoba uko yateguwe.
Yavuze ko sentare nkuru ntishobora kuvuga ko yigenga kugira ikoreshe ubwo bwigenge mukwinjirira ibindi bisata vya reta.
Urunani rw'abatavuga rumwe na reta Nasa ruvug ko prezida afitaniye imigenderanire na kompanyi y' i Dubai ya AI Ghurair yatsindiye isoko ry'imiliyoni 24 z'amadolari zo gutegura impapuro z'amatora.
Umcamanza mukuru wa Kenya, David Maraga, yagabishije prezida Uhuru Kenyatta kudatuma abanyagihugu bata icizere bari basanzwe bafitiye ubutungane.
Na yo akanama kajejwe gutegura amatora IEBC, vyitezwe ko kabonana n'abashaka kwitoza bose mu kibanza c'umukuru w'igihugu ko ari umunani uyu musi harimwo na prezida Uhuru Kenyatta.
Abashingwamanza b'ako kanama kandi barashika imbere ya sentare uyu musi kugira basigurirwa icatumye hafata ingingo nk'iyo.