Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore yasovye kw'ibendera rya Amerika
Umugore yakwiragije video yiwe ariko arasoba kw'ibendera ya Amerika yasavye kutagirira nabi umuryango wiwe kuko udashigikiye ivyo yakoze.
Emily Lance aramaze kwandikirwa ku mbuga ngurukanabumenyi ko azicwa yongere afatwe ku nguvu inyuma y'aho yerekaniye iyo video igihe Amerika yibuka umusi wo kwikukira.
Ntakiri kuri facebook ariko yari yigeze kwandika ko se wiwe hamwe n'ikibanza akoreramwo akazi bariko barazira ivyo yakoze nk'uko inkuru zibivuga.
Kwutubahiriza ibendera rya Amerika si icaha uravye amategeko menshi n'uburenganzira bwo gushikiriza ico umuntu yiyumvira.
Muri iyo video, Lance aboneka ahagaze hejuru y'akazu ka surwumwe gapfukishijwe ibendera rya Amerika ariko arayisobako akoresheje igikoresho abapfasoni bakuze gukoresha mu gusoba bahagaze.
Musi yayo, yanditse amajambo yo gutuka iyo bendera.
Mu nyuma yahamagariye abantu batashimye ivyo yakoze ko batobihora abatabikoze avuga ko ata n'umuntu n'umwe mu muryango wiwe amushigikiye.