Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump na Putin bahuye ubwa mbere
Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yagize umubonano na Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya ubwa mbere, bahuriye mu nama ya G-20 mu Budagi.
Mu majambo make bashikirije abamenyeshamakuru, Bwana Trump yavuze ko ari agateka mu kuba yahuye na Bwana Putin, kandi ko bagiranye ibiganiro vyiza bizobandanya. Yizeye ko ivyo baganiriye bizotuma imigenderanire ya Amerika n'Uburusiya ikomera.
Bwana Putin yavyemeje, avuga ko iyo mibonano yabo ikenewe kugira ngo baganire ku bibazo bikomeye bihanze amakungu.
Imigenderanire y'ivyo bihugu ukwo ari bibiri yatanguye gucumbagira igihe Uburusiya bwiyometseko Crimée, ugushigikira Prezida wa Siriya hamwe n'ibivugwa ko bwivanze mu matora ya Amerika y'umukuru w'igihugu.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Rex Tillerson, hamwe n'uw'imigenderanire y'Uburusiya, Sergei Lavrov, bari muri uwo mubonano washizwe mu bihe bikomeye kurusha ibindi muri iyo nama ya G-20.