Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibanki y'Ubufaransa ikurikiranwa kubera jenoside mu Rwanda
Amashirahamwe atatu ategamiye leta yitwariye ibanki y'Ubufaransa BNP Paribas ku ruhara yagize muri jenoside yo 1994, niko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze.
Ayo mashirahamwe yagiriza BNP "kugira uruhara muri jenoside, mu vyaha vyo mu ngwano n'ivyibasira kiremwa muntu".
Mw'itangazo ayo mashirahamwe yasohoye, avuga ko iyo banki yatanze uburyo bwo kugura "amatoni 80 y'ibigwanisho vyafashije muri jenoside (ihonyabwoko)"yakozwe na leta y'u Rwanda, mu gihe iyo banki yari isanzwe izi "imigambi yayo ya jenoside".
Umuvugizi w'iyo banki yabwiye AFP ko ataco bafise bobivugako, kukubura "insiguro zikwiye".
Abantu hafi 800000 bagwiriyemwo abo mu bwoko bw'abatutsi barishwe ico gihe ca jenoside.