Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yashizeho amategeko mashasha ku bihugu 6 vy'aba Islam
Ubutegetsi bwa Trump bwashizeho amategeko mashasha kubashaka uruhusha rwo kwinjira muri Amerika ku bihugu 6 vy'aba Islam co kimwe no ku mpunzi, asaba ko bategerezwa kuba bafise uwobagipfana canke bafitaniye ubucuti bw'ubudandaji na Amerika.
Iyo ngingo yega ibihugu bitandatu vy'aba Islam, harimwo Iran, Libya, Somalia, Sudani, Syria na Yemen iri mu butumwa bwarungikiwe abaserukira Amerika mu bihugu vyose.
Izo ngingo zatanguye kuja mu ngiro ku musi wa kane zerekana ko uwo mwoba mugipfana ari umuvyeyi, umugore wawe canke umugabo wawe, umwana w'umukobwa canke w'umuhungu.
Izo ngingo zishinzwe inyuma y'aho sentare nkuru yo muri Amerika yemeje vy'agateganyo ishirwa mu ngiro ry'itegeko rya Trump ryagumye rinebagurwa ko rikumira aba Islam.