Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania yabujije igurishwa ry'imfungurwa mu bindi bihugu
Igihugu ca Tanzania cabujije igurishwa ry'ibifungurwa mu bihugu bibanyi.
Mu mpera z'indwi iheze, ubutegetsi bwafashe amakamyo 10 y'ibifungurwa bivugwa ko yari agiye muri Kenya mu karere ka Terekea mu buraruko bwa Tanzania.
Umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu Kassim Majaliwa, yagabishije ko ukugurisha ibifungurwa mu bindi bihugu bishobora gutuma haba umutekano muke uturutse ku bifungurwa.
"Kuva uyu musi, umuntu uwo ari we wese azofatwa atwaye ibifungurwa mu bihugu bibanyi, ivyo bifungurwa bizoca bifatwa bice bijanwa mu mu kigega c'igihugu, imodoka na yo yakoreshejwe mu kubitwara izoca ihabwa igipolisi", ni ko yavuze.
"Reta ntizorekura urwio rudandazwa na cane cane ifu y'ibigori kubera ifasha amahinguriro yo mu gihugu agati".
Yongeyeko ko abadandaza bategerezwa gukura imfungurwa aho zigwiriye bakaja kuzidandaza aho zakeshe.
Igihugu ca Kenya kirafise ikibazo c'ibifungurwa na cane cane ifu y'ibigori, ari na yo ndya benshi bikorako cane mu karere ka Afrika yo mu buseruko.