Salah yaguzwe amahera menshi na Liverpool

Umugwi wa Liverpool wahejeje kugura umukinyi Mohamed Salah, yahora akinira As Roma wo mu Butaliano ku mapawundi imiliyoni 39.

Ni yo mahera menshi aguzwe umukinyi muri uwo mugwi wa Liverpool aho gushika ubu uwari amaze kugurwa amahera menshi ari Andy Carrol, mu 2011 aho yari yaguzwe imiliyoni 35 z'amapawundi.

Salah wo mu gihugu ca Misri w'imyaka 25 yashize umukono ku masezerano y'imyaka itanu akinira umugwi wa Liverpool.

"Ndanezerewe cane kuba ndi ngaha, nzitanga ijana kw'ijana kuvyo uwu mugwi ukeneye, muvyo ukuri ndipfuza gutsindira ikintu muri uyu mugwi", ni ko Salah yavuze inyuma yo gushira umukono kuri ayo maszerano.