Umukuru wa Islamic State, Baghedadi 'ashobora kuba yarishwe n'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
U bushikiranganji wo kwivuna abansi w'Uburusiya buriko buragira amatohoza yo kumenya nimba kimwe mu bitero vy'indege vy'ico gihugu vyarahitanye umukuru w'abagwanyi ba Islamic State(IS).
Ubwo bushikiranganji buvuga ko ivyo bitero vy'indege bishobora kuba vyarishe Abu Bakr al-Baghdadi n'abandi bayoboke biwe 330 ku wa 28 ukwezi kwa gatanu .
Bivugwa ko ivyo bitero vyari bitumbereye ahariko harabera inama y'abategetsi ba gisirikare ku cicaro c'umugwa mukuru bigaruriye wa Raqqa, mu buraruko bwa Syria.
Hari inkuru nyishi zagiye zirashikirizwa zerekeye urupfu rwa Baghdadi.
Itangazo ry'ubushikiranganji bw'Uburusiya ryaciye mw'itororokanirizo ry'amakuru rya reta Sputnik, rivuga ko abategetsi ba gisirikare ba IS 30 hamwe n'abagwanyi 300 bari muri iyo nama y'i Raqqa.
"Inkuru ziva ahantu hatandukanye, zivuga ko umukuru wa IS Ibrahim Abu Bakr al-Baghdadi, yoba yariciwe muri ico gitero, yari yitavye iyo nama," ni ko iryo tangazo ryongerako.

Ahavuye isanamu, AFP
Aho Baghdadi yinyegeje ntihari hazwi muri iyi misi, n'aho vyemezwa ko yari i Mosul muri Irak imbere y'uko hatangura ibitero vy'ibihugu birongowe na Amerika, mu twigoro two gusubira kwigarurira ico gisagara mu kwezi kw'icumi mu mwaka wa 2016.
Itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ryavuze ko yoba yari yinyegeje mu karere kanini cane k'ubugaragwa, ariko ko atari i Mosul canke i Raqqa.










