Umugwanyi Bosco Ntaganda aritaba sentare ya ICC

Uwahoze ari umukuru w'abagwanyi muri RDC, Bosco Ntaganda, vyitezwe ko yiregura muri sentare mpuzamakungu ya ICC.

Ntaganda bataziriye izina rya "The Terminator" ararenguka imbere ya sentare inyuma y'imyaka ibiri urubanza rwiwe rutanguye.

Ntaganda yagirizwa amabi menshi harimwo ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu vyakozwe n'abagwanyi biwe.

Yagirizwa ko hagati y'umwaka wa 2002 na 2003, abagwanyi biwe bateye mu karere ka Ituri, bica abantu bafata n'abagore ku nguvu.

Mu 2005, yahamijwe ivyaha vyo mu ntambara, harimwo kwinjiza abana mu gisiriokare bari musi y'imyaka 15, hamwe n'ibindi vyaha bikorerwa ikiremwa muntu.

Abamuburanira bategekanya kuzana ivyabona 109 hamwe n'abahinga bane.

Iyo ni yo mpamvu vyitezwe ko urwo rubanza rugiye kumara ayandi mezi menshi.

Mu gihe ivyo vyaha vyomwagira, ashobora gufungwa imyaka 30.