Theresa May ni "umugore yapfuye ariko agitambuka"

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa mbere Theresa May agiye guhura n'ingorane zo kurongora igihugu inyuma yaho adakwirije intebe mu nama nshingamateka, ngo ni "umugore yapfuye agitambuka", niko uwahora ajejwe ibigega George Osborne yavuze.
Bwana Osborne asigaye arongoye ikinyamakuru "Evening Standard", yavuze ko abashingamateka b'aba Tory bashavujwe n'ukubona Theresa May atemeye ko umugambwe wahomvye.
Ariko umushikiranganji wo kwivuna abansi Sir Michael Fallon yavuze ko umushikiranganji wa mbere ariko arahindura ingene arongora.
Yavuze ati: "Nta wundi mugambwe urekuriwe n'amategeko canke wokwemegwa."
Avugira mw'ihayanishwa Andrew Marr Show inyuma yaho aba "Conservateurs" batakarije intebe 13 n'intebe nyinshi mu nama nshingamateka, Bwana Osborne avuga ko ingorane za mbere zizibonekeza mu mpera z'indwi iza.
Yavuze ati: "N'ukumenya gusa igihe azomara muri ubwo buzima bw'uwapfuye."






