Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika ifasha Philippine kugarura akarere kafashwe n'abagwanyi
Inteko zihambaye za Amerika ziriko zirafasha igisirikare ca Philippine kugarura igisagara ca Marawi kiri mu bumanuko cigaruriwe n'abagwanyi ba leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS), niko igisirikare ca Philippine cavuze.
Izo nteko za Amerika ngo zifasha mu vy'ubuhinga ntizigwana, niko ico gisirikare ca Philippine kivuga.
Prezida Rodrigo Duterte yari yavuze ko agiye kwirukana inteko za Amerika bitewe n'imigenderanire yatitutse kuva aho afatiye ubutegetsi.
Abagwanyi ba IS basa n'ababuze isaganirizo kuva aho bimukiye bakaja mu bumanuko itariki 23 z'ukwezi kwa gatanu.
Ingwano iherutse yahitanye abasirikare bo mu mazi ba Philippine 13.
Abasirikare ba Philippine bamaze kwicwa gushika ubu babaye 58.