Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Boeing igiye gukora indege itwara ingenzi idakenera umudereva
Ihinguriro rikora indege zo mu bwoko bwa Boeing rivuga ko ryatanguye kwiga ingene ryokora indege zitwara ingenzi zidafise abadereva b'abantu.
Icegera c'uwurongoye igisata ca Boeing co guteza imbere iryo hinguriro, Mike Sinnett, yavuze ko ibikoresho bimwe bimwe bimaze kwegeranywa.
Yavuze ko izo ndege zitwara, zitegerezwa gukomerezwa umtekano ariko ntibiramenyekana ko zizoshobora kwururuka zigatura ku kibuga igihe zihuye n'ingorane (emergency landings).
Bwana Sinnett yavugana n'abamenyeshamakuru mw'ihiganishwa ry'indege ritunganywa ku mwaka, ririko ribera mu gisagara ca Paris.
Igitigiri c'abakora mu ndege (aho igendesherezwa) caragabanutse muri ino myaka mu gihe za mudasobwa arizo zisigaye zikora akazi ko guhagurutsa indege (décolage), kuyigendesha iri mu kirere (croisière), no kuyuyurutsa (atterrissage) igiye gutura ku kibuga.