Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Chelsea yaronse hafi imiliyoni $200 mu gutsindira PL
Umugwi Chelsea uherutse gutahukana igikombe ca Premier League (PL) mu Bwongereza wahawe n'iryo shirahamwe imiliyoni $194, amahera yiyongeye 50% ku yari yatanzwe mu 2015-16.
Ihiganwa 2016-17 niryo ryabayemwo ivyashara vy'amahera menshi hagati y'ishirahamwe PL n'ibigo vy'imbonerakure (TV), vyatanze amahera imiliyardi $3 ku migwi 20 ya PL ku miliyardi $2 mu 2015-16.
Umugwi wa nyuma Sunderland waronse imiliyoni £93.471 - uba utahukanye ayarusha ay'umugwi wabaye uwa mbere mu 2015-16, Leicester watahukanye (imiliyoni £93.219)
Ayo mahera ava mu kwerekana inkino, amasezerano atandukanye y'ubudandaji hamwe n'udushimwe.