Onu isaba Amerika gushigikira amasezerano ya Paris

Umunyamabanga mukuru wa Onu, Antonio Guterres, yasavye Leta Zunze Ubumwe za Amerika gushigikira amasezerano ya Paris kw'ihindagurika ry'ibihe.
Yavuze ayo majambo imbere yuko Prezida Trump ashikiriza ku mugaragaro aho igihugu ciwe gihagaze.
Bwana Guterres yabwiye BBC ko naho Amerika yova murayo masezerano, ko bikenewe kw'ibindi bihugu biguma muruwo mugambi asigura ko arivyo bizotanga kazoza keza ku bana no ku buzukuru.
Imbere yaho, umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, Li Keqiang, yamenyesheje ko Beijing izokwubahiriza ivyo yiyemeje ku bijanye n'amasezerano ya Paris.






