Solheim: Amasezerano y'i Paris ku hindagurika ry'ibihe azogumaho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'umugambi w'amakungu ujejwe ibidukikije, Eric Solheim avuga ko amasezerano yo guhindura ingendo y'ibihugu ata co azoba, kubera Amerika isokoye muri ayo masezerano yashiriweko umukono i Paris.
Eric Solheim yabwiye BBC Ubushinwa n'Uburaya ubu bifatanye mu nda n'Ubuhinde mu gukora akazi gakomeye, ku buryo ingaruka zivuye ku ngingo iyo ari yo yose yofatwa na prezida Donald Trump, ata co zizoshikako gusumvwa uko vyari vyifashe igihe ayo masezerano yashirwako umukono mu mwaka wa 2015.

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Trump wa Amerika yavuze ko azoshikiriza ingingo yiwe kuri ayo masezerano y'i Paris kuri uyu wa kane.
Ubushinwa n'ubumwe bwa buraya bariteguye gusohora itangazo bari kumwe ryo gushigikira amasezerano y'i Paris.






