Trump: Itohoza rya FBI ni "nko guhiga umurozi"

Ahavuye isanamu, Reuters
UUmukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yidoze ku ngingo yo kugena umucamanza ahambaye agiye gukurikirana itohoza ku kuntu Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika.
"Bino ni nko guhiga umurozi bikorewe umunyapolitike mu mateka ya Amerika," niko yanditse kuri Twitter ku munsi wa kane mu gitondo.
Ino nyifato ya Trump itandukanye n'ivyo yavuze ku munsi wa gatatu ari mu biro White House igihe agira ati: "Nipfuza kubona kino kibazo kirangiye vuba."
Uwigeze kuba umuyobozi wa FBI, Robert Mueller, niwe yatowe ngo akurikirane ivy'iryo tohoza.






