Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abana babonekewe i Fatima bagizwe aberanda
Umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Francis yatangaje ko abana babiri babonekewe mu kibanza c'i Fatima muri Portugal bagizwe aberanda.
Abana bavukana babonakewe na Bikira Mariya i Fatima muri Portugal, Francisco na Jacinta Marto bashizwe mu rwego rw'abatagatifu n'umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Francis.
Imyaka ijana irarumanye, abo bana babiri kumwe n'uwundi agira gatatu bari kumwe bacunze intama, bavuze ko babonekewe na Bikira Mariya.
Francisco yari afise imyaka icenda nayo mushikiwe Jacinta yari afise imyaka indwi, igihe bavuga ko babonekewe na Bikira Mariya.
Baguye mu kiza c'akamangu cadutse ku mugabane wa Bulaya hagati y'imyaka 1918-1919.
Yababikije amabanga atatu, ariko abo bana bapfuye gatoya inyuma y'intambara ya mbere y'isi.
Lucia dos Santos, uwundi mwana agira gatatu yari kumwe n'abo babiri bavukana, ari nawe yanditse mabanga yihishe muri iryo bonekegwa ryabo, Ekleziya Katolika ivuga ko tyatanguye kuwa 13/05/1917.
Yitavye Imana mu 2005 akwije imyaka 97, akaba yatanguye inzira yo kugigwa umutagatifu mu 2008.
Yanditse ayo mabanga uko ari atatu, harimwo rimwe benshi babona nk'aho rya imburi y'intambara kabiri y'isi.
Abakirisu baharugwa mu bihumbi amajana bari bagiye gushengerera muri ico kibanza.