Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
FIFA yirukanye abayobozi bari mu matohoza kuri ruswa
Umugenzuzi mukuru w'ugwego rwa FIFA rujewe kwubahiriza inyifato Cornel Borbely, kimwe n'umucamanza Hans-Joachim Eckert basezerewe muri FIFA.
Abo bayobozi bavuga ko basize ama dosiye menshi batari bwarangize gukorako itohoza.
Uwari akuriye umugwi ujejwe kubahiriza inyifato muri FIFA, Cornel Borbery, yavuze ko ingingo yo kumukura yatumye amahinduka yariko arakogwa muri urwo rwego asubira inyuma.
Mugenzi we bari kumwe Hans-Joachim Eckert, avuga ko bamenye ko bakuwe bamaze gushika muri Bahrain mw'ikoraniro rya FIFA rigira 17.
Abo bagabo bompi bemeza ko hari ama dosiye amajana n'amajana yari akiri mw'itohoza ku bibazo vya ruswa bivugwa muri FIFA.
Nibo bafashije gukura muri urwo gwego uwari perezida warwo Sepp Blatter na Michel Platini yari ayoboye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya.