Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Turukiya yiyamirije ingingo ya Amerika yo guha ibigwanisho aba Kurdes
Ubutegetsi bw'igihugu ca Turukiya bwiyamirije ingingo ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yo guha ibigwanisho abagwanyi b'aba Kurdes bahanganye na Leta y'iki Islamu, "Islamic State" (IS) mu buraruko bwa Syria.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Turukiya, Nurettin Canikli, yavuze ko iyo ngingo yo guha ibigwanisho aba Kurdes atawoyemera.
Igisirikare ca Amerika kivuga ko urunani rurongowe n'abagwanyi b'aba Kurdes, YPG, ari rwo rwonyene rushobora gufata igisagara ca Raqqa, ikirindiro gikomeye ca IS muri Syria.
Kuri Turukiya, YPG ni umugwi w'iterabwoba ucuditse n'inyeshamba z'aba Kurdes bakunze gutera imigumuko mu gihugu ca Turukiya.
Prezida wa Amerika Donald Trump yemeje ko abagwanyi b'aba Kurdes bohabwa ibigwanisho ngo bagwanye umugwi IS muri Syria, nkuko Pentagone yabimenyesheje.
Amerika yavuze ariko kw'ivyo bishobora gutuma ubutegetsi bwa Turukiya bugira umwitwarariko.