Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abari bashizwe mu buretwa mu gihugu ca Irake babohojwe
ONU ivuga ko abantu barenga mirongo itatu na batandatu bo mu miryango y'aba Yazidi bari bashizwe mu buretwa n'umugwi Islamic State, batabawe bakabohozwa.
Barimwo abagabo, abagore hamwe n'abana bakaba bari bamaze imyaka itatu baragizwe imbohe.
Aho bari bapfungiwe hamwe n'ukuntu babohojwe ntivyatangajwe.
Islamic State yarishe inagira imbohe aba Yazidi benshi, bagize umuryango w'inkehwa mw'idini rya Islam, igihe yigarurira uburaruko bwa Irake mu 2014.
ONU yemeza ko abagore bashika igihumbi n'amajana atanu hamwe n'abakobwa bagifiswe n'uwo mugwi, bakaba bashobora kuba bakorerwa ihohoterwa ryo gusambanywa ku nguvu.