Ubufaransa bwemeye ababufashije mu ntambara

Perezida Francois Hollande yabwiye abasigaye mu basaza barwanye intambara ya kabiri y'isi ku ruhande rw'Ubufaransa , ko bari muri kahise k'ico gihugu.

Perezida Hollande yavuze ko Ubufaransa bufitiye ideni abo batama yise iry'amaraso..

Abo bakambwe, bari hagati y'imyaka 78 na 90, bagiye mu birori vyabereye ku kirimba c'umukuru w'igihugu Champs Elysee.

N'ubwo benshi mu Banyafrika barwanye iyo ntambara basubijwe iwabo, abagera ku guhumbi bari bakiba mu Bufaransa.

Icegera c'umukuru w'igisagara ca Paris, asanzwe ari imwuzukuru w'umwe muri abo batama bagwaniye Ubufaransa aturuka muri Senegal, yakomeje guharanira ko abo batama bohabwa uburenganzira bwabo mu Bufaransa.