Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Algeria yagenye umumenyereza agira kane mu mezi 13
Igihugu ca Algeria cagenye Lucas Alcaraz, umumenyereza w'umupira w'amaguru agira kane ahawe akazi muri ano mezi 13.
Uwo mumenyereza aturuka mu gihugu ca Espagne yirukanywe ku munsi wa mbere, mu gihe umugwi wa Granada yarajejwe uri mu kibanza ca nyuma mw'ihiganwa La Liga.
Uwo mugabo w'imyaka 50 yasubiriye umubiligi Georges Leekens, yirukanywe inyuma yaho umugwi wa Algeria ukuriwe mu majonjora mw'ihiganwa ry'igikombe c'ibihugu rya Afrika mu 2017.
Uwundi mumenyereza Christian Gourcuff yari yatanze imihoho mu kwezi kwa kane 2016, asubirigwa na Milovan Rajevac yagiye akinishije inkino zibiri gusa.
Urukino rwa mbere rwa Alcaraz ruzohuza Algeria na Togo mu nkino z'ijonjora z'igikombe c'ibihugu muri Afrika c'umwaka wi 2019.