Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Muri Colombia bararondera abasidukiweko n'umusozi
Abarusimvye aho umusozi wasiduka mu muji wa Mocao uri mu bumanuko bwa Colombia, bariko barimba bagerageza kurondera abantu benshi bapfukiriwe n'ivu.
Abantu amajana abiri na mirongo itanu nibo bimaze kumenyekana ko bahitanywe n'ivyondo vyazanywe n'uwo musozi kuwa gatanu.
Imfashanyo ya mbere iramaze gushikira abantu batakigira aho bakika umusaya.
Umugabo umwe yavuze ko mu muryango wiwe ata wundi n'umwe yarusimvye, ngo nta kintu na kimwe asigaranye kiretse impuzu yahawe n'abagiraneza.
Ngo ntagira ico atamira eka mbere nta n'aho gukika umusaya afise.
Uwundi atuye aho vyabereye yavuze ko yabonye umugore atwawe n'ivyondo, ananiwe kugumya ukuboko kw'umugabo wiwe.