Umugabo yatabaye imbwa ayisomye

Ahavuye isanamu, BILLY FERNANDO/SANTA MONICA FIRE DEPARTMENT
Umunyamerika ari mu gisata kizimya umuriro yashimiwe, inyuma yaho azuye imbwa yasa n'iyapfuye mu kuyiha umwuka wiwe awucishije mu kanwa kayo, igikogwa cafashe iminota 20 kugira ngo igarure ubuzima.
Iyo mbwa yatabawe ikuwe mu nzu yariko irasha ishikanwa hanze itagihema kubera ubushuhe n'imwotsi, ivyo bikaba vyabereye ahitwa Santa Monica mu ntara ya California.
Andrew Klein yarashoboye gusubiza ubuzima imbwa Nalu y'imyaka cumi.
Bwana Klein yasanze Nalu yataye ubwenge mu cumba co ku ruhande rw'inyuma, imaze igihe igendesha inda muri iyo nzu yariko irarurumba.
"Nta buzima yari igifise," niko uwo mugabo azimya umuriro yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.

Ahavuye isanamu, Nalu receiving oxygenImage copyrightBILLY FERNANDO
Mu gihe nyen'imbwa, Crystal Lamirande, yariko ararira, Bwana Klein n'abo bari kumwe bamaze iminota 20 baha iyo mbwa umwuka wa "oxygene" mu buryo bw'"umunwa ku munwa".
"Inyuma y'iminota 20, iyo mbwa yari itanguye guhema yagaruye ubuzima, ica itangura gutambuka," niko itangazo rya "Santa Monica Fire Department" ryavuze.
Muri kino gihe Nalu imerewe neza mu kuba imaze amasaha 24 mw'ihema inyuma yaho iherewe uwundi mwuka wa oxygene.










