Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inzovu yoba isinzira uko ingana?
Icigwa cakozwe kivuga ko inzovu zo mw'ishamba zo ku mugabane wa Afrika zisinzira umwanya muto cane ugereranije n'ibindi bikoko vyonsa.
Abahinga barakurikiranye inzovu zibiri zo mu gihugu ca Botswana, bashaka kumenya ibijanye n'ingene ziryama.
Inzovu ziba mu bibanza vyatunganijwe "zoos" zisinzira amasaha ane gushika kuri atandatu ku munsi, ariko iyo zigumiye iyo zisanzwe zibera ziryama amasaha abiri gusa naho nyene mw'ijoro.
Inzovu zonsa zikuze ngo zirashobora kumara iminsi myinshi zikanura.
Muri ico gihe, ngo ziragenda gushika kure cane, zishaka guhunga intambwe hamwe n'abahigi bazo.
Professeur Paul Manger w'ishule kaminuza rya Witwatersrand muri Afrika yepfo, avuga ko inzovu zifise itiro ziharije.
"Inzovu nivyo bikoko bisinzira umwanya muto cane mu bikoko vyonsa - ivyo ngo vyoba bituruka ku bunini bwazo," niko yabwiye BBC.
Mu cigwa cakozwe n'umuhinga EUGENE M. MCCARTHY, PHD, bivugwa ko inzovu nini cane yo muri Afrika ishobora gupima 7 000kg.