Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitero ku banyamahanga muri Afurika yepfo
Leta ya Afurika yepfo yiyamirije ibisabwa na Nigeria ishaka ko umuryango w'ubumwe bwa Afurika woyifasha ugakingira abanyagihugu bayo.
Ibi bibaye mu gihe ibitero bitota abanyamahanga muri Afurika yepfo vyakabije.
Mu mpera z'indwi ishize amaduka 30 y'abanyamahanga yarasahuwe maze araturirwa mu gisagara ca Pretoria.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bwa Afrika yepfo bwahakanye ibivugwa na Nigeria ko abenegihugu b'ico gihugu bakorewe amabi bahogwa kwar'abanyamahanga.
Umuvugizi w'ubwo bushikiranganji Clayson Monyela yavuze ko ibitero vyakozwe ku banyamahanga ko ari amabi akwiye guhanwa n'amategeko ariko kwatateguwe.
Reta yavuze kandi ko amajambo abanyafrika yepfo hamwe n'abanyamahanga bateranye ku rubuga ngurukanabumenyi ko atarakenewe.
Amajambo y'iterabwoba yaragwijwe kuvaho habereye ibitero vyibasira amazu n'amaduka y'abanyamahanga mu bisagara vya Johannesbourg na Pretoria.
Hagati aho, imyiyerekano y'abanyafrika yepfo bidogera ubutegetsi ko badafise akazi kubera ko kahawe abanyamahanga, itegekanijwe ku munsi wa gatanu mu gisagara ca Pretoria.