Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare ba FARDC baregwa kwica no kurasa ku bapfuye
Leta ya Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo imenyesha ko iriko irakora itohoza kuri video imaze iminsi ihanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana abasirikare bayo barasa ku biziga vy'abarwanyi.
Iyo video y'iminota indwi, imaze iminsi ihanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana igikorwa co kurwanya umugwi uzwi kw'izina rya Kamwina Nsapu mu ntara ya Kasai yo hagati.
Umugwi witiriwe umukuru wawo Kamwina Nsapu, watanye mu mitwe n'ingabo za leta mu kwezi kwa munani umwaka uheze.
Abagwanyi ba Kamwina Nsapu ahanini baba bitwaje ibihiri n'amatopito.
Ku munsi wa kabiri, ishirahamwe mpuzamakungu ryatangaje ko ryibaza kw'abasirikare ba Congo boba barishe abantu barenga ijana mu ntambara zabahuje n'uyo mugwi.