Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amabarabara yugawe kubera amatora ya prezida muri Somalia
Abanyamiduga basabwe kutinjira mu gisagara ca Mogadishio amabarabara nayo arugagwa kubera amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe ku munsi wa gatatu.
Abashingamateka bahurira ku kibuga c'indege gutora umukuru w'igihugu mushasha.
Ku munsi wa kabiri ku mugoroba, abantu bikekwa kuba abo mu murwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab baragavye ibitaro boresheje ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "mortiers"batumbereza mu kibanza ayo matora abera.
Abanyagihugu baba mu kigwati ca Arbacow bavuga ko abo ba jihadistes bateye ikirindiro c'abasirikare b'Umuryango w'Ubumwe bwa Africa.
Ikibuga c'indege nico kibanza gitekanye kurusha ibindi ku murwa mukuru wa Somalia, amatora akaba yajanywe aho kubera ibibazo vy'umutekano.
Abakandida barenga 20 nibo bagwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu, batatu ba mbere bakaba bagasabwa kuja mu matora ya kabiri, babiri ba mbere muribo bakaja mu matora ya gatatu ari nayo ya nyuma.
Umukuru w'igihugu w'ubu Hassan Sheikh Mohamud ari mu bitoza, bikanugwanugwa ko ashobora kuja muri ayo matora ya nyuma.
Uwayatsindiye ategekanywa kumenyekana ku munsi wa gatatu ku mugoroba.