Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Madonna yemeye gutunga amahasa y'abakobwa bo muri Malawi
Umuririmvyi Madonna yavuze ko agiye gutunga amahasa y'abana b'abakobwa b'imyaka ine, Esther na Stella baturuka mu gihugu ca Malawi, niko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryatangaje.
Sentare yo muri ico gihugu gikenye co mu bumanuko bwa Afrika yemeje icipfuzo c'uwo muririmvyi akomeye w'umuziki wo mu bwoko bwa pop, co kurera abo bana babiri, bagiye kwiyongera ku bandi asanzwe atunze nabo nyene yakuye muri ico gihugu ca Malawi.