Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isubukurwa ry'imirwano muri Sudani yepfo
Muri Sudani yepfo, haravugwa isubukurwa ry'imirwano hagati y'ingabo za leta n'inyeshyamba zishyigikiye Rieck Machar wahoze yungirije umukuru w'igihugu.
Amakuru ava muri leta ya Upper Nile ikize cyane kuri peteroli aravuga ko ibisasu byinshi byarashwe mu mujyi wa Malakal no mu nkengero zawo aho ingabo za ONU zicungereye umutekano w'abantu bavuye mu byabo.
Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko umubare w'abahitwanywe n'imirwano utaramenyekana ngo kubera ko ibikorwa byo gukozanyaho bigikomeje.
Umuryango w'abibumbye wasabye impande zombi guhagarika imirwano maze zigashyira mu bikorwa amasezerano y'amahoro yashyizweho umukono muri 2015.
Ubwumvikane buke muri Sudani yepfo bushingiye ku moko bwashoje intambara igihe Perezida Salva Kiir wo mu bwoko bw'aba Dinka atumvikanaga n'uwari umwungirije Salva Kiir wo mu bwoko bw'aba Nuer.