Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abamenyeshamakuru bo muri Amerika bitwara 'nk'umugambwe urwanya reta'
Uwushinzwe ibikorwa mu biro vya Trump yavuze ko ibimenyeshamakuru muri Amerika vyitwara "nk'umugambwe utavuga rumwe na reta" ko bikwiye kunuma.
Stephen Bannon yabwiye ikinyamakuru ca Nw York Times ko ibimenyeshamakuru vyinshi vyumva ko "bitewe isoni" n'uko vyananiwe kwerekana intsinzi ya Trump mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Ibimenyeshamakuru ntibivuga rumwe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ku gitigiri c'abitavye ibirori vyo gushikiriza ubutegetsi Trump.
Barerekana n'amakenga ko hari imiliyoni z'abantu batategerezwa gutora ariko batoye.
Ariko arabazwa n'ico kimenyeshamakuru kuri telefone, Bannon yavuze " ibimenyeshamakuru bikwiye gutegwa isoni no kumaramara, hanyuma binume bikurikirane gusa ibiriko biraba gusa."
"Ibimenyeshamakuru ngaha ni wo mugambwe utavuga rumwe na reta," ni ko yavuze imbere yo kwongerako inyuma y'akanya gato "kandi si umugambwe w'abademokrate."
Bannon yavuze ko ibimenyeshamakuru "bitazi neza ico gihugu".
"N'ubu ntibarategera ko Donald Trump ari prezida wa Amerika".
Mu gihe hariko haraba ico kiganiro, yavuze cane ku bimenyeshamakuru bikomeye, n'aho yadomye urutoke kuri The new York Times hamwe The Washington Post.
Bannon yahora arongoye urubuga ngurukanabumenyi rw'aba 'extreme droite' rwa Breitbart News gushika mu kwezi kw'umunani, hanyuma ashingwa kurongora imyiyamamazo ya Trump mu mezi ya nyuma imbere y'uko haba amatora.