Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Barrow aratahuka muri Gambia
Abegereye prezida mushasha wa Gambia, Adama Barrow, bavuga ko ataha mu gihugu ciwe uyu musi.
Barrow yashikirijwe ubutegetsi mu ndwi iheze muri Senegal igihe abategetsi bo mu karere ka Afrika yo mu burengero bariko baragondoza uwahora atwara ico gihugu, Yahya Jammeh ngo ave ku butegetsi.
Amakungu yasavye Barrow gutahuka kugira igihugu kigire uwukiramutswa.
Inkuru zivuga ko Barrow azoshikira iwe mu gihe ikirimba kizoba kiriko kiragenzurwa kugira barabe ko ata kintu gihari comugirira nabi inyuma y’ikura meza rya Yahya Jammeh.
Abasirikare ibihumbi n’ibihumbi bo mu bihugu vya Afrika yo mu burengero baracari muri Gambia mu gihe havugwa ko abayoboke ba Jammeh bakiri mu bajejwe umutekano ba Gambia.