Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cote d'Ivoire yasezerewe muri Afcon
Cote d'Ivoire ifise igikombe giheruka ca Afrika yasezeye ihiganwa ry'uyu mwaka inyuma yo gutsindwa igitego 1-0 n'umugwi wa Maroc.
Igitego kimwe rukumbi cakuye mw'ihiganwa wa Cote d'Ivoire cinjijwe na Rachid Alioui ku munota wa 64.
Ni yo umugwi wa RDC yarabangamiye Togo mu kuyitsinda ibitego 3-1, ica ironka uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma, aho bari mu kibanza ca mbere mu mugwi C n'amanota 7 mu gihe Maroc iri mu kibanza ca kabiri n'amanota 6.
Maroc na RDC ni bo baronse uburenganzira bwo ku bandanya ihiganwa mu gice ca kane, mu gihe Cote d'Ivoire na Togo basezeye izo nkino.