Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
AFCON: Inkino za nyuma z'igice ca mbere
Umurwi w'igihugu wa Gabon uza guhura na Cameroun mu gisagara ca Libreville.
Gabon kugeza ubu ifise amanota 2 gusa, nayo Cameroun ikagira amanota 4 .
Runo ni urukino ruhambaye ku murwi wa Gabon kuko usabwa kuwutsinda kugira ngo ushobore kuguma mu ihiganwa.
Urundi rukino rurangiza igice ca mbere ni urubera mu gisagara ca Franceville hagati ya Guinée Bissau na Burkina Faso. Iyo mirwi yose ifise amahirwe yo gushobora kubandanya muri ¼ .
Guinee Bissau ifise inota rimwe ariko niyatsinda ica igira amanota 4 . Burkina Faso nayo ifise amanota 2, niyatsinda ica igira amanota 5.
UGANDA YARAYE ISEZEREWE NA GHANA YINJIYE MURI ¼
Umurwi wa Uganda "Cranes" waraye usezerewe uhejeje gutsindwa na Misiri 1-0.
Uganda nk'uko vyayigendeye itsindwa na Ghana 1-0; yahushije akaryo ko kwinjiza ibitsindo imbere yuko ku munota wa 89 umukinnyi wa Misri Abdallah Said yinjiza igitsindo catumye umurwi wiwe utahukana intsinzi.
Amanota 3 Misiri yakuye kuri Uganda agiye gutuma uwo murwi ubandanya muri ¼ bitewe nuko waciye ugira amanota 4 kandi ugisigaje gukina na Ghana.
Ghana yo yabaye iya kabiri ikaba yaramaze kwinjira muri ¼ igihe itsinze Mali 1-0 mu rukino rugira kabiri. Uwundi murwi umaze gushika muri ¼ ni Senegal yatsinze inkino zibiri yikurikiranya.