Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mali: Igitero c'imodoka cishe 50 i Gao
Ivyo vyabaye inyuma yaho imodoka ipakiye ibisase biturika isambukiye mu ikambi icumbikiye abasirikare hamwe n'abagwanyi b'umurwi ufasha gutsimbataza umutekano mu gisagara ca Gao.
Akarere kari mu bugaragwa mu buraruko bwa Mali kari kamaze igihe gatekanye kuva igihe gafatiwe n'abagwanyi b'aba islamu mu 2012.
Naho igisirikare c'Ubufaransa cafashije mu 2013, ako karere kagumamwo umutekano muke aho kaguma kagabwamwo ibitero no kunyuruza abantu.
Amakuru aturuka mu murwi w'ishirahamwe mpuzamakungu Onu rifasha kugarukana umutekano muri Mali (Minusma) asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP, avuga ko igitero cabaye cokozwe n'umwihevyi.
Abapfuye bari mu gikorwa cabo ca minsi yose co kugenzura ako karere mu ntumbero yo guhagarika ubwicanyi, inyuma y'amasezerano yafashwe mu mugongo n'ishirahamwe Onu.
Si ubwa mbere igisirikare ca Mali gihamwa mu bitero vy'ubwicanyi.
Mu kwezi kw'indwi kwo mu mwaka uheze, abasirikare 17 barishwe abandi 30 barakomereka mu gitero cibasiwe ku kirindiro ca gisirikare mu gisagara ca Nampala.
Abateye ico gihe basize baturiye uduce tw'iyo kambi imbere yuko bagenda.