Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
MH370: Ibikorwa vyo kurondera indege ya kompanyi ya Malaysia vyahagaritswe
Ababuriye ababo mu ndege ya MH 370 bashavujwe n'ingingo yo guhagarika kurondera ibisigarira vy'iyo ndege.
Mw'itangazo rya Australia, Malaysia n'Ubushinwa, bavuga ko iyo ngingo yafashwe "itanejereje" inyuma yo kurondera kku birometero 120.000 mw'ibahari indiana.
Imiryango y'ababuriye ababo muri iyo ndege bavuga ko iyo ngingo ititondewe itegerezwa gusubirwamwo.
Indege ya MH370 yagize isanganya iri mu nzira igana i Beijing ivuye i Kuala Lumpur mu 2014.
Kuva ico gihe ibipande 20 vy'iyo ndege ni vyo bimaze gutorwa biboneka ko vyari ivya Boeing 777