Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kerry aragabisha Israeli ku kibazo c'amahoro na Palestine
John Kerry yavuze ashimitse ko ingingo ya Onu yo kwiyamiriza igerera ry'abayahudi mu kibanza bigaruriye ko biri mu bikomeza agateka ka Amerika.
Hari haheze igihe Prezida aheruka gutorwa Donald Trump ashize ubutumwa bwo gushigikira Israeli kuri Twitter avuga ko atazokwemera ko bikogwa "mu mu gasuzuguro no mu rupfasoni ruke".
Yasavye Israeli "kwigumya" kugeza ni yinjira mu mabanga mu kwezi kuza.
Ku musi wa gatanu, Amerika ntiyashatse kuburagiza ingingo y'akanama ka Onu kajejwe umutekano gasaba Israeli guhagarika ibikorwa vy'ukugerera n'ukwubaka irimwo, bituma Israeli yishura nabi.
Ikibazo c'abayahudi baguma barondera kugerera mu karere kari mu matati, kiri mu vyo Israeli na Palestine batumvikanako, gishobora kubangamira amahoro n'ishingwa ry'igihugu ca Palestine.