Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuhindi: Ubutegetsi bushobora kuvavanura n'umurwi wa Olympique
Umushikiranganji w'inkino yavuze ko iyo ngingo "idashobora kwemerwa na gato".
Vijay Goel yavuze ko abo banyepolitike, Suresh Kalmadi na Abhay Singh Chauthala, bagirizwa ivyaha bikomeye birimwo n'ivy'ibiturire.
Umwe muribo Suresh Kalmadi, yigeze gufungwa amezi cumi kubera ibiturire inyuma y'inkino za Commonwealth zo mu 2010, yavuze ko atazokwemera ayo mabanga kiretse yejejwe.
Ikigo mpuzamakungu kigenzura inkino za Olympique "The International Olympic Committee" carahagaritse mu mwaka wa 2012 umurwi w'igihugu wa Olympique uwagiriza kwinjirigwa mu kazi n'ubutegetsi.