Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakobwa barekuwe na Boko Haram basubiye mu miryango
Bubaye ubwa mbere basubiye mu babo kuva igihe banyururijwe kw'ishuli ry'i Chibok mu kwezi kwa kane 2014.
Abo bakobwa bakiri bato barekuwe mu kwezi kwa cumi inyuma yaho igihugu c'Ubuswise hamwe n'umuryango wo gutabara " International Red Cross" bumvikanye na Boko Haram.
Kuva ico gihe, abo bakobwa 21 baciye bajanwa n'ubutegetsi bwa Nigeria mu bunyegero aho bigana ivyabashikiye.
Umwe muri abo bakobwa, Asabe Goni, w'imyaka 22, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ari "igitangaro" kubona yagarutse muhira agafasha nyina gutegura ivya Noweli no kuja mu misa ku musi wa Noweli.
"Sinibaza ko nogarutse (muhira),"niko yavuze. "Nta cizere nari ngifise co kuja muhira."
Benshi mu bakobwa banyururijwe Chibok bari abakristu ariko bumvishwa ko bategerezwa kwinjira mu idini rya Islamu no kurongogwa n'ababafashe iyo bari bajanywe.
Goni yavuze ko hari abakubiswe banse kurongogwa ariko ngo baragaburigwa gushika igihe indya zikeheye.
Ku bakobwa 276 bafashwe, 197 ntibaraboneka, ibiganiro vyo kubarekuza bikaba bibandanya.