Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel irashaka kwihaniza abagize UNSC
Bwana Benjamin Netanyahu ashavujwe n'uko abagize inama nkuru y'umutekano kw'isi yaraye itoye ingingo ibuza Israel kwubaka mu turere tw'abanya Palestina twa Cisjordanie na Yerusalemu y'Ubuseruko.
Abaserukira Ubufarnsa, Ubwongereza n'Uburusiya hamwe n'Ubushinwa ndetse na Espagne bari mu bazotumwako kwisobanura.
Uwuserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika i Tel Aviv we ntazotumwako.
Ingingo ya leta zunze Ubumwe za Amerika yo kudatangira iyo ngingo, yatumye ishobora gutorwa.
Ariko Amerika nico conyene kitatoye iyo ngingo, cahisemwo kwifata, ibindi bihugu vyose vyo mu nama nkuru y'umuteknao birayemeza.