Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Guhera kuwa Mungu nta facebook , WhatsApp muri Kongo
Abajejwe itumanako muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo bategetse ibigo bitanga internet guhagarika imbuga hwaniro kuva kuwa Mungu.
Twitter, Facebook na WatsApp biri mu mbuga vyitezwe ko zihura n'ico kibazo.
Nta mpamvu yatanzwe ariko biribazwa cane ko biri mu ntumbero yo kubuza abatavuga rumwe na leta gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila.
Bwana Kabila ategekanya kuguma ku butegetsi igiringo ciwe nicahera mu ndwi iza.
Umupira w'amaguru nawo wabujijwe
Kare leta ya Kongo yabariye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru guhagarika inkino zose gushika igihe rizomenyeshwa.
Ingingo ya bwana Kabila yatumye abatavuga rumwe na leta baza bararirimba indirimbo ziyamiriza leta ku bibuga vy'umupira w'amaguru.
Umunyepolitike atavuga rumwe na leta, Moise Katumbi, asanzwe ari nyene ikipe ya TP Mazembe, yiyamirije iyo ngingo, avuga ko umupira w'amaguru arico kintu conyene gituma abantu bibagira, nkuko yabivuze, "igitugu ca bwana Kabila hamwe n'ubukene bwo muri Kongo."