Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege yagize isanganya mu Misiri yoba yaraturitse
Abakora itohoza mu Misiri bavuga ko basanze ibiva ku biturika ku bisigarira vy'abahitanywe n'isanganya ry'indege yo muri ico gihugu yaguye mu kiyaga mu kwa gatanu.
Indege Egyptair nimero MS804 yaguye mu kiyaga Mediterane iri mu rugendo ija i Paris itariki cumi n'icenda z'ukwa gatanu.
Abantu batandatu bose bari bayirimwo bahasize ubuzima, ariko icateje iryo sanganya nticigeze kimenyekana.
Icuma gifata amajwi co mu kumba k'abadereva cerekanye ko abadereva bagerageje kuzimya umuriro.
Ntagutabaza kwigeze kuba imbere y'uko iryo sanganya riba.
Habanje kuba ubwoba bw'uko igikorwa c'iterabwoba coba ari co cakoroyoye iyo ndege, ariko nta mugwi n'umwe wigeze wiyitirira ico gitero.