Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisasu imbere y'isengero rikuru ry'abakopte mu Misiri
Haturikiye igisasu imbere y'isengero rikuru ry'abakopte ku murwa mukuru w'igihugu ca Misiri, Cairo, bikavugwa ko cahitanye abantu bashika 26.
Ivyo bivugwa n'ibitangazamakuru vyaho, bikavuga kandi ko abandi bantu barenga mirongo ibiri na batanu bakomeretse.
Ico gisasu caturikiye mw'isengero ritoyi (chapelle) riri impande y'uruhome rw'imbere rwa katedrale.
Katedrale ya St Mark niyo cicaro gikuru c'isengero Orthodox Christian mu Misiri.
Ibitero ku ba Kopte, bagize cumi kw'ijana vy'abanyagihugu ba Misiri, vyariyongereye muri ino myaka mu bitero bifatiye ku madini mu gihugu cose.