Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakuru b'abagwanyi batatu biciwe i Idlib
Ibitero vy’indege vy’Uburusiya vyahitanye benshi mu bagwanyi bafitaniye ubucuti n’umuhari wa Al-Qaeda.
Abagwanyi barenga mirongo itatu bahasize ubuzima.
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya yavuze ko abategetsi batatu babarongoye bari mu biciwe mu bitero vy’indege vyabereye mu ntara ya Idlib.
Uburusiya bwasubiriye kugira ivyo bitero ku musi wa kabiri, hakoreshejwe indege ziguruka ziva ku bwato buherutse kurungikwa mu kiyaga Mediterranee.
Ku musi ugira gatatu bikurikiranya, indege z’intambara za Syria ziriko ziragira ibitero mu turere turi mu minwe y’abagwanyi, mu buseruko bw’igisagara ca Alep.