Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Assad yizeye ko Trump azofasha mu kugwanya iterabwoba
Prezida wa Syria yavuze ko yizeye ko prezida wa aheruka gutorwa wa Amerika, Donald Trump azomufasha kurwanya iterabwoba ariko ko “atokwihuta kuvyemeza”.
Bashar al-Assad yavuze ko Trump bashobora gufashanya mu gihe yoshira mu ngiro ivyo yemeye mu myiyamamazo ko azogwanya iterabwoba.
Ariko yavuze ko afise amakenga ko Trump yoshira mu ngiro ivyo yemeye.
Trump yavuze ko ari nk’ugusara guhangana n’ingabo za Syria hamwe n’abagwanyi ba IS, kandi ko kugwana na Syria bitera bigana ku ntambara n’Uburusiya.
Intambara ibandanya kubica bigacika muri Syria.
Indege z’intambara za reta, ku musi wa kabiri zarateye ibibombe mu gisagara kiri mu buseruko ca Alep, incuro ya mbere mu ndwi zitatu, nk’uko bivugwa n’abaharanira agateka ka zina muntu.
Abantu barenga 300.000 baramaze gupfa kuva mu kwezi kwa gatatu mu 2011.
Avugana na television ya Portugal RTP, Assad avuga:”Nta co twovuga kuvyo ashobora kuzokora, ariko mu gihe... yogwanya abitwaje itarabwoba, nta kibuza ko dukorana, abadushigikira muri ico gikorwa co kimwe n’Uburusiya, Iran hamwe n’ibindi bihugu vyinshi.”
Prezida Assad yavuze ko Trump yipfuza ko intambara itumbera cane abagwanyi ba Islamic State, ariko yongerako: ”Azobishira mu ngiro?”
Politike ya Amerika ubu ni iyo gutera abagwanyi ba IS n’abandi bitwaje idini rya Islam, mu gihe babandanya bafata mu mugongo abandi bagwanyi baterekwa prezida Assad.
Assad afata iyo migwi yose nk’abitwaje iterabwoba.