Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitero vy'indege mu gisagara ca Alep
Inkuru ziva muri Syria zivuga ko indege zagize ibitero vyinshi mu turere turimwo abagwanyi mu gisagara ca Alep.
Abakozi bajejwe gutabara bavuze ko bamaze kwegeranya ibiziga 20 bakuye mu bibanza bitandukanye.
Hari kandi inkuru zivuga ko uturere tw'ico gisagara turi mu minwe ya reta, twatewe amabombe n'ababarwanya.
Itororokanirizo ry'amakuru rya rya reta ryavuze ko abantu nka 24 bishwe ejo, mu bitero nk'ivyo.