Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abegereye Clinton bagiriza FBI guhengama
Abari mu myiyamamazo ku ruhande rw’umupfasoni Clinton banebaguye umukuru wa FBI, James Comey mu kwerekana nkunzi ku matohoza kw’ikoreshwa rya mails na Hillary Clinton.
Ivyo bishitse inyuma y’aho ikinyamakuru co muri Amerika kivugiye ko Comey yategetse ko hatokwagirizwa Uburusiya ku mugaragaro ko bwisuka mu vyerekeye amatora yo muri Amerika, harimwo n’ubusuma bwavuzwe bwa mails.
Umwitwarariko wa Comey wari uhagaze ko iyo nkuru yabonetse himirije amatora, nk’uko izo nkuru zibivuga.
FBI yanse kugira ico ibivuzeko kuri BBC.
Itariki 7 z’ukwezi kwa cumi, Comey yaranse gushira umukono ku rwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umukuru w’iperereza.
“Urwego rujejwe iperereza rurazi neza ko reta y’Uburusiya yagize uruhara mu busuma bw’ubutumwa bwa mail z’abanyamerika n’ubategetsi, harimwo n’ubwo imigambwe…ubwo busuma bufise intumbero yo kwisuka u bijanye n’amatora,” ni ko urwo rwandiko rwavuga.
Comey yaremeye ivyari muri urwo rwandiko ariko yanka ko rushirwa ahabona imbere y’uko amatora aba, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika.
Haravuzwe ko abasuma bo kuri internet bivye inkuru abademokrate mu ntumbero yo guha intsinzi Donald Trump.
“Nta kindi umuntu ashoka abona atari ukwerekana aho yegamiye,” uko niko uwushinzwe imyiyamamazo y’umupfasoni Clinton, Robby Mook yavuze.
Yateye akamo Comey “gusigura vyihuta ivyerekeye iyo nyifato yiwe atari nziza no gukorera no kubafitaniye imigenderanire na Donald Trump nk’uko yabigize ku bakoranye na Hillary Clinton.”
Comey ariko aranebagurwa cane kuva aho ku musi wa gatanu, imbere y’imisi 11 ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu, ko FBI iriko iragira amatohoza ku butumwa bwa mail bushasha, yoba afitaniye isano n’ubwo Clinton yarungitse ku yiwe bwite atari iyo akazi.